Ja ku birimwo

Umuntu yoba ashobora guheba kuba Icabona ca Yehova?

Umuntu yoba ashobora guheba kuba Icabona ca Yehova?

 Egome. Umuntu arashobora kubiheba mu buryo bubiri:

  •   Mu kubimenyesha mu buryo butomoye. Biciye mu nyandiko canke ku munwa, umuntu arashobora kumenyesha ko atagishaka kwitwa Icabona ca Yehova.

  •   Mu vyo akora. Umuntu arashobora gukora ibintu vyerekana ko atagishaka kwitwa Icabona ca Yehova. (1 Petero 5:9) Nk’akarorero, arashobora kuja mu rindi dini kandi akamenyesha ko ashaka kurigumamwo.​—1 Yohani 2:​19.

Bite ho nimba umuntu atakija kwigisha canke gusenga iwanyu? Mwoba mubona ko yahevye kuba Icabona?

 Oyaye, si ko tubibona. Kugoyagoya mu kwizera biratandukanye no guheba kuba Icabona. Kenshi abagoyagoya mu kwizera canke abaheba gusenga usanga bataba bahevye Imana mu mutima wabo, ahubwo baba bacitse intege. Mwene abo bantu, aho kubaca kure turagerageza nyabuna kubahumuriza no kubashigikira. (1 Abatesalonika 5:14; Yuda 22) Umuntu nk’uyo igihe akeneye indemesho, abakurambere mw’ishengero barafata iya mbere mu kumufasha mu vy’umutima.​—Abagalatiya 6:1; 1 Petero 5:1-3.

 Ariko rero, abakurambere nta burenganzira bafise bwo guhata umuntu ngo agume ari Icabona ca Yehova. Umuntu wese ni we yihitiramwo aho akwiye gusenga. (Yosuwa 24:15) Tubona ko abasenga Imana bakwiye kubigira babikunze kandi bivuye ku mutima.​—Zaburi 110:3; Matayo 22:37.