BE MASO! Ndamukiza 2015 | Indero yaroye he?

Abavyeyi bitaho guha indero nziza abana babo, bakora ibitandukanye n’ivyo abavyeyi benshi bakora. None vyagenze gute ngo abavyeyi barekerane abana babo?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Indero yaroye he?

Muri iki gihe, hoba hariho abavyeyi barera abana babo bisunze ivyiyumviro vya ba bahinga bo mu myaka ya 1960?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene wotoza indero umwana

Ingingo ngenderwako zitanu dusanga muri Bibiliya zirimwo impanuro zifasha vy’ukuri imiryango.

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Honduras

Niwirabire imico yo muri ico gihugu co muri Amerika yo Hagati.

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wotsinda irungu

Kwama wishwe n’irungu bitera ingorane zingana n’iziterwa n’ukunywa amatabi 15 ku musi. Wokora iki kugira wirinde kwumva ko ata wukwitayeho canke kwumva irungu?

TWISUNZE BIBILIYA

Ibikoko

Abantu bakwiye gufata gute ibikoko?

Woba ukoresha neza ubuhinga bwa none?

Niwishure ibi bibazo bine vyoroshe kugira wisuzume.

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utwanwa tw’akayabu

Kubera iki abahinga bariko bariyumvira guhingura ibimashini vyitwa robo bifise utuntu dukora nk’utwanwa tw’akayabu?

Ibindi usanga kuri internet

Ni ibiki nokwirinda igihe nkina udukino twa videwo?

Turashobora kuba turimwo ivyiza n’ibibi utahora wiyumvira.

Nubabarire abandi

Wokora iki mu gihe hari uwukugiriye nabi?