Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Ibikoko

Ibikoko

Mu buryo bumwe canke ubundi, ibikoko birafise ico bimariye abantu nka bose. Ukuntu tubifata kwoba kwotuma tugira ico tubazwa n’Imana?

Abantu bakwiye gufata gute ibikoko?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abiyumvira yuko abantu bashobora gukoresha ibikoko uko bishakiye. Abandi bo babona ko dukwiye gufata ibikoko nk’uko dufata abantu.

  • Umugabo umwe aharanira agateka k’ibikoko yavuze yuko ibikoko bikwiye guhabwa “uburenganzira shimikiro bwo kudafatwa nk’ibikoresho canke nk’ibidandazwa gusa.” Kubera ko abona ibikoko nk’abantu, yongeyeko ati: “Dukwiye kureka gufata ibikoko nk’ibintu vyacu.”

  • Hari umutunzi karuhariwe yitwa Leona Helmsley yakoze ikintu benshi babona ko kirengeje urugero. Mw’ikete ry’iragi yanditse, yavuze ko asigiye imbwa yiwe amadolari imiliyoni 12, avuga kandi yuko ipfuye boyihamba iruhande y’aho bazoba bamuhamvye.

Ikibazo: Wewe wibaza ko ibikoko bikwiye gufatwa gute?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Uwaremye ubuzima, ari we Yehova Imana, yabwiye abantu ati: “Muganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.” (Itanguriro 1:28) Ivyo birerekana rero ko Imana ibona yuko abantu baruta ibikoko.

Ico ciyumviro kirashigikirwa n’amajambo akomeye avugwa mu murongo w’imbere y’uwo duhejeje kuvuga. Bibiliya ivuga iti: “Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema mw’ishusho y’Imana; ibarema ari umugabo n’umugore.”Itanguriro 1:27.

Kubera ko twebwe abantu twaremwe “mw’ishusho y’Imana,” turatandukanye n’ibikoko kuko dushobora kugaragaza kamere nk’iz’Imana, nk’akarorero urukundo, ubutungane n’ubukerebutsi. Abantu barafise n’ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi no gusenga Imana. Ariko ibikoko ntibifise ubwo bushobozi kubera ko bitaremwe “mw’ishusho y’Imana.” Ntivyofatwa rero cokimwe n’abantu kuko abantu babiruta.

None ivyo vyoba bisobanura ko dufise uburenganzira bwo kubifata nabi? Habe namba.

“Mu misi itandatu uze ukore igikorwa cawe; mugabo ku musi ugira indwi uze uhagarike, kugira ngo ishūri yawe n’indogobwa yawe biruhuke.”Kuvayo 23:12.

Kwica ibikoko vyoba ari bibi?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abahigi n’abarovyi bamwebamwe barica ibikoko kugira binezereze gusa, bakaryoherwa no kubihiga canke kubicakira. Hari abandi boshigikira ivyo umwanditsi umwe w’Umurusiya yitwa Leo Tolstoy yavuze. Yanditse yuko kwica ibikoko no kubirya ari “ugukora ikibi.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana iremera yuko abantu bica ibikoko kugira bakingire ubuzima bwabo canke kugira baronke ivyo bambara. (Kuvayo 21:28; Mariko 1:6) Bibiliya ivuga kandi yuko abantu bashobora kwica ibikoko kugira babirye. Mw’ Itanguriro 9:3 havuga hati: “Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa.” Na Yezu ubwiwe yarafashije abigishwa biwe gufata amafi bofunguye.Yohani 21:4-13.

Ariko rero, Bibiliya ivuga iti: “Uwo wese akunda ubukazi umutima [w’Imana] uramwanka koko.” (Zaburi 11:5) Birumvikana rero yuko Imana itipfuza ko twica ibikoko canke ngo tubigirire nabi kugira twinezereze gusa.

Bibiliya yerekana yuko Imana iha agaciro kanini ibikoko.

  • Ku bijanye n’igihe c’irema, Bibiliya ivuga iti: “Imana irema igikoko c’ikinyeshamba co kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igitungwa nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igikoko kigendagenda cose co ku butaka nk’uko ubwoko bwaco buri. Imana ibona ko vyari vyiza.”Itanguriro 1:25.

  • Bibiliya ivuga ko Yehova “aha ibikoko indya zavyo.” (Zaburi 147:9) Imana yaremye ibidukikije ku buryo bironsa ibikoko ivyokurya bikwiye be n’aho biba.

  • Umwami Dawidi wa Isirayeli yavuze mw’isengesho ati: “Umuntu n’igikoko urakiza, ewe Yehova!” (Zaburi 36:6) Nk’akarorero, imbere y’uko Yehova azana kw’isi yose wa Mwuzure wahoneje ababisha, yabanje gushira abantu umunani n’ubwoko bwose bw’ibikoko ahantu hatagira inkomanzi.Itanguriro 6:19.

Biratomoye rero yuko Yehova aha agaciro ibikoko yaremye, kandi yiteze yuko abantu na bo nyene bavyubahiriza.

“Umugororotsi aritaho ubuzima bw’igitungwa ciwe.”Imigani 12:10.