Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira

Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira

INGORANE

Abana bamwebamwe bageze mu bigero barava muhira iwabo kugira baje kwibana. Ariko igihe bashikiwe n’ingorane usanga babwirizwa gusubira i muhira. Ivyo vyoba bimaze kugushikira?

Naho ukunda abavyeyi bawe gusubira i muhira ntibiryoshe. Nk’akarorero, umwigeme yitwa Sarah * avuga ati: “Kwibana vyatuma numva ko ndi umuntu akuze kuko ari je nimenya muri vyose. Ariko gusubira i muhira vyatumye numva umengo nsubiye kuba umwana.” Umusore yitwa Richard na we nyene ni ko abibona. Avuga ati: “Sinashaka gusubira i muhira, ariko sinari nshoboye kwibeshaho. Numva umengo nta co maze.”

Nimba na wewe warasubiye iwanyu, iki kiganiro kirashobora kugufasha gutorera umuti iyo ngorane.

IKIBITERA

Ingorane z’amahera. Abakiri bato benshi barakubitwa n’inkuba igihe batanguye kwibeshaho bakabona ko ubuzima buzimvye. Richard umwe twavuga, agira ati: “Uduhera twose nari naraziganije sinamenye aho twaciye.” Ni ko vyagendeye n’umwigeme yitwa Shaina. Yavuye iwabo afise imyaka 24 aca agaruka inyuma y’umwaka n’igice. Yiyemerera ati: “Narasesagura amahera. Navuye muhira ata mahera mfise, nsubirayo nugarijwe n’amadeni.” *

Ingorane z’akazi. Shaina yasanze gukurwa mu kazi vyica imigambi yose umuntu yagize kugira ngo yimenye mu buzima. Avuga ati: “Narakurikiranye ivyigwa bijanye n’ivy’ubuvuzi hanyuma nja mw’ishirahamwe rimwe riramfasha kurondera akazi. Ariko igihe nakurwa muri ako kazi vyose vyari bicitse amazi. Naba hagati mu gihugu kandi aho hantu sinari kuronka akandi kazi kajanye n’ivyo nize.”

Kwitega ibidashoboka. Abakiri bato bamwebamwe batangura akazi bataramenya neza ingene bigoye kwibeshaho. Basanga akazi bakora kagoye kuruta uko bari bavyiteze. Baratangara basanze ata mwidegemvyo uriyo nk’uko bari bavyiteze. Emwe, ntibari bazi ko nibakura bazohura n’izo ngorane zose!

ICO WOKORA

Numenyeshe abavyeyi bawe ko ugomba ugaruke muhira. Nimuganire kuri ibi bibazo: Uzohamara igihe kingana gute? Uzokora iki kugira uterere mu mahera umuryango ukoresha? Ni ibikorwa ibihe uzofasha muhira? Uzokora iki kugira ngo urabe ko wosubira kwibeshaho? Naho woba ungana gute, niwibuke ko ugarutse i muhira utegerezwa kwubahiriza amategeko y’abavyeyi bawe.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Kuvayo 20:12.

Niwige gukoresha neza amahera. Igitabu kimwe gifasha imiyabaga n’abanyeshure bo muri kaminuza gukoresha neza amahera kivuga giti: “Uko ukoresha amahera uronka bizotuma ushobora canke udashobora kwimenya mu vy’amahera. . . . Birahambaye ko utahura ko udakwiye gukoresha amahera mu kugura ibintu udakeneye.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Luka 14:28.

Umutwe umwe ntiwigira inama. Abavyeyi bawe canke abandi bantu bakuze barashobora kugufasha kumenya ingene woziganya amahera n’ingene woyakoresha. Umwigeme yitwa Marie avuga ati: “Nategerejwe kwiga n’ibintu bisanzwe. Hari umugenzi yamfashije gushira ku rutonde ibintu nkeneye n’ivyo ntakeneye. Erega nasanze vyinshi ari ivyo ntakeneye! Narize kandi ikintu gihambaye cane kugira ngo umuntu ashobore kwibeshaho, na co kikaba ari ukwigumya.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 13:10.

Igihambaye si akazi ukora ahubwo ni ukugakora neza

Nurondere akazi. Umwanya wari kumara uri ku kazi nuwukoreshe kugira ukarondere. Impanuro: Hari abantu bokubwira ngo urondere akazi gusa wiyumvamwo. Ariko kurondera akazi wiyumvamwo vyotuma utaronderera hose bigatuma uhomba akazi wari gushobora kuronka. Aho gutakaza umwanya urondera ubwoko bumwe bw’akazi, nurondere ubuzi butandukanye. Ntiwibagire ko igihambaye atari akazi ukora, ahubwo ko ari ukugakora neza. Vyarabonetse ko igihe abakozi bamenyereye akazi bakora, karushiriza kubaryohera. Urashobora gukunda akazi ukora naho koba atari ako wari usanzwe ukunda!

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 8 Abanyeshure bo muri kaminuza muri Amerika kenshi barahura n’ingorane nk’iyo. Raporo yo mu kinyamakuru kimwe (The Wall Street Journal) ivuga ko umunyeshure ahabwa agafashanyo ka leta aheza amashure afise ideni ry’amadolari nka 33.000.