Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Gukeza umwana

Gukeza umwana

INGORANE

Abantu bamwebamwe bavuga ko atari bibi kuguma ukeza umwana. Abandi na bo bavuga ko kuguma umukeza bishobora kumugirira nabi bigatuma yishira hejuru ntabe akigira ico yibanga.

Uretse incuro ukeza umwana wawe, urakwiye kuraba n’uburyo umukeza. Uburyo bwiza bwo gukeza umwana ni ubuhe? Uburyo atari bwiza bwo ni ubuhe? Wokeza gute umwana wawe mu buryo ngirakamaro?

ICO UKWIYE KUMENYA

Uburyo bwo gukeza umwana bwose ntibungana. Rimbura ibi bintu:

Gukeza umwana birenze urugero si vyiza. Hari abavyeyi bakeza umwana ku kantu kose bibaza ngo bica bituma yumva ko hari ico amaze. Ariko umuhinga yitwa David Walsh avuga ko abana atari ibijuju. Avuga ati: “Igihe umuvyeyi yarengeje urugero barabibona bagaca batahura ko atabakeje abikuye ku mutima. Barabona ko batari babikwiriye, ivyo bigatuma batakwizigira.”

Gukeza umwana ufatiye ku buhinga afise ni vyiza. Dufate ko umukobwa wawe azi gucapa. Si bibi kumukeza kuko vyoshobora gutuma aryohora ubwo buhinga afise. Ariko urakwiye kuraba neza. Gukeza umwana ufatiye gusa ku buhinga afise vyoshobora gutuma abona ko akwiye gukora gusa ibintu bitamugora. Arashobora mbere gutinya gukora ibintu bigoye kuko yibaza ko atobishobora. Hari aho yokwibwira ati: ‘Iki kintu kiragoye sinogishobora. None nirirwa ndigorera iki?’

Gukeza umwana ufatiye ku twigoro agira ni vyiza kuruta. Ntukeze abana bawe ufatiye gusa ku buhinga bafise ahubwo nubakeze kubera bakora cane kandi bumirako. Ivyo bituma batahura ko kugira umuntu amenye neza ikintu bisaba utwigoro kandi bifata igihe, ico kikaba ari ikintu gihambaye. Igitabu kimwe (Letting Go With Love and Confidence) kivuga ko igihe batahuye ico kintu, baca “bakora ivyo bashoboye vyose kugira ngo bashike ku ntumbero bafise. N’igihe bibananiye ntibaca babona ko ata co bamaze ahubwo baravyigirako.”

ICO WOKORA

Numukeze kubera utwigoro agira atari kubera gusa ubuhinga afise. Kubwira umwana wawe ngo “Ndabona ko witwararika gucapa neza” ni vyiza kuruta kumubwira ngo “Uri umuhinga mu gucapa.” Izo mvugo zompi ni izo kumukeza ariko iyo ya kabiri yoshobora gutuma umwana wawe abona ko ubuhinga yavukanye ari bwo bwonyene ashoboye gutsimbataza.

Igihe ukeje umwana kubera utwigoro agira, uba umwigishije ko ashobora kuryohora ubuhinga afise mu kuza arabukoresha. Ivyo vyoshobora gutuma adatinya gukora ibindi bintu bigoye.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 14:23.

Fasha umwana gutahura ko kunanirwa bishika. Abantu bose barakora amakosa kandi mbere bigashika kenshi. (Imigani 24:16) Ariko igihe cose bakoze ikosa barikosora, bakigira ku vyabashikiye maze ubuzima bukabandanya. None wofasha gute umwana wawe kubona ibintu gutyo?

N’aha nyene nushimikire ku twigoro agira. Raba akarorero: Dufate ko ukunda kubwira umukobwa wawe ngo “Ibiharuro ni amazi kuri wewe” mugabo bigashika akaronka amanota mabi mu biharuro. Yoshobora guca abona ko atakiri umuhinga mu biharuro bigatuma ata n’utwigoro asubira kugira.

Ariko rero igihe ushimikiye ku twigoro agira, vyoshobora gutuma adatana n’akabando. Aho uba ufashije umukobwa wawe kubona ko bishitse akayoberwa ari ibisanzwe, atari ijuru rimuguyeko. Aho guca atana n’akabando, yoshobora kugerageza ubundi buryo canke agakora cane.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yakobo 3:2.

Numukosore mu buryo bwiza. Igihe ukosoye umwana wawe mu buryo bwiza ntibimuca intege ahubwo biramufasha. Ikindi na co, nimba ukunda kumukeza mu buryo bubereye, azovyakira neza niwamubwira ivyo yoryohora. Niyakora neza rero bizotuma ahimbarwa na wewe uhimbarwe.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 13:4.