Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 3 2021 | Kazoza keza wokaronka gute?

Wokora iki kugira uronke kazoza keza? Ibiganiro biri muri iki kinyamakuru biragufasha gusuzuma ihitamwo wagize. Biragufasha kandi kubona ikintu kimwe conyene cotuma uronka kazoza keza.

 

Abantu bose baripfuza kazoza keza

Igihe hari ibintu bibaye bukwi na bukwi bitari vyitezwe, ni hehe wokura impanuro zo kwizigirwa?

Ni igiki vy’ukuri kiyobora kazoza kawe?

Abantu benshi baragurira ku nyenyeri, ku vya feng shui, canke basenga abapfuye, tutibagiye n’abemera ko umuntu apfuye aca avukira mu kindi kiremwa, biyumvira ko hariho inguvu zitaboneka ziyobora kazoza kabo.

Amashure ahanitse be n’amahera vyoba vyotuma ugira kazoza keza?

Abantu benshi basanze amashure ahanitse n’ubutunzi bitavamwo ivyo bari biteze.

Kuba umuntu ameze neza vyoba bituma ugira kazoza keza?

Kuba umuntu ameze neza birahambaye, ariko si vyo vyonyene vyotuma ugira kazoza keza.

Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?

Igihe tugomba gufata ingingo, akenshi turahanuza umuntu aturuta kandi aciye ubwenge kuturusha. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kuronka impanuro zituyobora ku bijanye na kazoza.

Urashobora kwihitiramwo kazoza kawe

Ni ibiki dushobora kwihitiramwo?

Ingene woronka kazoza keza

Wibaza ko woronka gute kazoza keza?