Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amashure ahanitse be n’amahera vyoba vyotuma ugira kazoza keza?

Amashure ahanitse be n’amahera vyoba vyotuma ugira kazoza keza?

Abantu benshi biyumvira ko abize amashure ahanitse be n’abatunzi bafise kazoza keza. Bemera ko kwiga kaminuza bishobora gutuma umuntu aba umukozi mwiza, aba kirumara mu muryango akaba n’umunyagihugu mwiza. Boshobora kandi kwiyumvira ko amashure meza atuma umuntu aronka akazi k’amahera menshi kandi ko abaronka amahera menshi ari bo bagira agahimbare.

IHITAMWO BENSHI BAGIRA

Raba ivyavuzwe na Zhang Chen wo mu Bushinwa. Avuga ati: “Nabona ko nkeneye kwiga kaminuza kugira mve mu bukene kandi ko akazi kampa amahera menshi kotumye mbaho neza kandi mpimbawe.”

Abantu benshi kugira bongereze amahirwe yo kuronka kazoza keza baripfuza kwiga mu ma kaminuza azwi cane, kumbure mu bindi bihugu. Ivyo vyari vyararushirije kwongerekana gushika ivy’ingendo bitanguye kugora kubera korona. Raporo yo mu 2012 y’ishirahamwe rimwe riraba ivy’ubutunzi n’iterambere igira iti: “Mu banyeshure bose biga mu bindi bihugu, ibice 52 kw’ijana vyabo bava muri Aziya.”

Akenshi abavyeyi baragira akigoro gakomeye kugira abana babo baje kwiga kaminuza mu bindi bihugu. Qixiang wo muri Tayiwani avuga ati: “Naho abavyeyi banje batari bifise, twese uko turi abana bane baraturungitse kwiga kaminuza muri Amerika.” Cokimwe n’abandi benshi, kugira abavyeyi babo bashobore kubarihira amashure babwirizwa gufata amadeni menshi.

VYOBA BIBAFASHA KOKO?

Benshi mu bakurikirana amashure ahanitse be n’ubutunzi baruhira kuvunika umutima

Naho hari ukuntu amashure ashobora gutuma umuntu abaho neza, ntiyama atuma abanyeshure baronka ivyo bari biteze. Nk’akarorero, benshi baramara imyaka bita ku rutare bagasaba n’amadeni menshi ariko ntibaronke akazi bari bipfuza. Raporo ya Rachel Mui mu kinyamakuru kimwe co muri Singapuru (Business Times) igira iti: “Abaheza amashure ya kaminuza ariko ntibaronke akazi bariko bariyongera.” Uwitwa Jianjie wo muri Tayiwani yarize amashure menshi araminuza. Avuga ati: “Benshi baremera ubuzi budahuye n’ivyo bize kubera ata kundi bari bugire.”

N’abaronse akazi gahuye n’ivyo bize boshobora gusanga batabayeho nk’uko bavyipfuza. Niran wo muri Tayilande arangije kaminuza mu Bwongereza, yararonse akazi mu gihugu iwabo. Avuga ati: “Amashure nize yaramfashije kuronka akazi k’umushahara munini nk’uko navyipfuza. Ariko kugira ndonke uwo mushahara munini vyasaba ko nkora cane nkakora n’umwanya munini. Ishirahamwe nakorera ryahavuye ryirukana abakozi benshi na jewe ndimwo. Narabonye ko ata kazi na kamwe gatuma umuntu agira kazoza keza.”

Mbere n’abatunzi canke abitwa ko bafise ubuzima bwiza usanga baguma bafise ingorane mu muryango, ingorane z’amagara kandi bagahagarika umutima ko bazohava batakaza ubutunzi bwabo. Katsutoshi wo mu Buyapani avuga ati: “Nari ntunze ibintu vyinshi, ariko nta mahoro nari mfise kubera ko abandi bangirira ishari bakamfata nabi.” Umugore wo muri Vyetinamu yitwa Lam na we avuga ati: “Mbona abantu benshi bita ku rutare ngo baronke akazi kabaha amahera menshi kugira batunge batunganirwe ariko ugasanga si ko bigenze. Usanga bafise ubwoba, ingorane z’amagara, bagata umutwe bakarwara n’akabonge.”

Cokimwe na Franklin, abantu benshi babona ko hariho ibindi bintu bihambaye dukeneye mu buzima uretse kwiga amashure ahanitse no kurondera ubutunzi. Bamwe muri bo baciye baheba ivyo kurondera ubutunzi baca bihatira kuba abantu bameze neza no gukorera iciza abandi kugira bazogire kazoza keza. None ivyo vyoba bituma bagira kazoza keza? Ikiganiro gikurikira kiratanga inyishu.