Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

Soma ibijanye n’igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri Jeworojiya no kw’isi yose.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Baragaragaza ko bakunda Ivyabona vya Yehova bo kw’isi be n’uko bakenguruka ivyo bakora.

Gushira imbere igikorwa co kwamamaza

Abahoze ari Abanyabeteli barungitswe mu ndimiro bamenyereye gute ubuzima bushasha?

“Sinari bwabone ababanyi beza nkamwe!”

Kw’igenekerezo rya 7 n’irya 8 Rusama 2016, abantu baraje kugendera iratiro ry’ivya Bibiliya ry’i Brooklyn muri New York. Ivyo vyarashinze intahe nziza mu babanyi.

Ikoraniro rishasha ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Muri Nzero 2016, Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, Ikoraniro ry’umurimo n’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero vyarasubiriwe n’ikoraniro rimwe ryitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.

Televiziyo yacu ‘iraturemesha cane!’

Televiziyo yacu yatanguye gukora mu 2014 kandi ubu ibiganiro bica kuri yo biraboneka mu ndimi zirenga 90. Abayirorera bayivugako iki?

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Ukwegurira Imana inyubakwa nshasha z’ishami zo muri Armeniya no muri Kirgistani vyari ibiringo bidasanzwe ku Vyabona bo muri ivyo bihugu.

Raporo y’ivy’imanza yo mu 2016

Ni ibintu ibihe bijanye n’imanza vyashikiye Ivyabona mu 2016?

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Udukuru twerekana ibikorwa Ivyabona vya Yehova baranguye muri Arjantine, Belize, Kongo (Kinshasa), Népal, Papouasie-Nouvelle-Guinée, Ubudagi, Ubuganda, Uburundi n’Ubutaliyano.

Afrika

Niwirabire ivyaranze igikorwa co kwigisha Bibiliya Ivyabona vya Yehova baranguriye muri Gana, Guinée-Bissau, Liberiya, Malawi, Togo na Sierra Leone.

Amerika

Ivyabaye muri Amerika, Brezile, Hayiti, Megizike na Venezuwela.

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu

Ivyabaye muri Filipine, Hong Kong, Mongolia na Sri Lanka.

Uburaya

Niwirabire ivyabaye muri Azerbayijani, Bilgariya, Danemarke, Jeworojiya, Hongriya, Norveje, Ubwongereza no muri Ukraine.

Oseyaniya

Ivyabaye muri Guam, Nouvelle-Calédonie, Ostraliya, Papouasie-Nouvelle-Guinée no muri Timor oriental.

Ibiranga Jeworojiya

Niwirabire muri make ibiranga ico gihugu kiri ku nkengera y’ikiyaga Cirabura, abantu baho, imico yaho n’ururimi rwaho ata ho ruhuriye n’izindi.

Kurondera abanyotewe ukuri

Abantu b’umutima ukenguruka bigiye ukuri kwo muri Bibiliya mu tundi turere baraje kwamamaza Ubwami muri Jeworojiya.

Amakoraniro yarafashije bose gukomera mu kwizera

Amakoraniro n’ibitabu vy’ikijeworojiya vyafashije gute mw’iterambere ryabaye muri Jeworojiya?

Naripfuza guhinduka

Davit Samkharadze amaze kurangiza ikiringo ciwe mu gisirikare, yarasavye Imana ngo imufashe guhinduka. Bukeye, yarabonanye n’Ivyabona vya Yehova.

Narihetse kuri Yehova

Tamazi Biblaia yarasavye Imana ngo imuyobore imbere y’uko yimukira mu kindi gisagara kandi yaramuyoboye.

“Ku Mana vyose birashoboka”

Igihe Natela Grigoriadis yariko arafasha ibindi Vyabona gusohora ibitabu vy’ikijeworojiya, yarahuye n’intambamyi isa n’iyidashobora kuva mu nzira.

Bibiliya mu kijeworojiya

Bivugwa yuko ivyandikano vya Bibiliya vyo mu kijeworojiya ca kera vyanditswe nko hagati mu kinjana ca gatanu inyuma ya Kristu canke imbere yaho.

“Imana yaguma ikuza.”​—1 Kor. 3:6.

Jeworojiya imaze kwikukira, Ivyabona vya Yehova baciye batera imbere bimwe bitangaje.

Abungere beza baramenyereje abandi

Inyuma y’aho intwaro y’abakomunisita itembagarijwe, Ivyabona batunganije gute amashengero yabo, amakoraniro, amahwaniro n’igikorwa co guhindura ibitabu?

Vyaranse ko ayishira hasi!

Badri Kopaliani yari ashashaye gusoma Bibiliya yari aherutse kuronka ku buryo yasavye ikonje kugira aheze kuyisoma.

Murazi aho twabarondereye?

Hatarahera n’umwaka Artur Gerekhelia abatijwe, yarimukiye ahari hakenewe abamamaji.

Nabona ko ata kindi nkeneye

Madona Kankia yahoze ari umunywanyi akomeye w’umugambwe w’abakomunisita muri Jeworojiya, ariko yahisemwo guhindura ubuzima.

Urukundo nyakuri ntirwigera runanirwa

Mu gihe c’intambara y’i Abkhazia, Igor Ochigava na Gizo Narmania barafashije Ivyabona bagenzi babo hamwe n’abandi bantu kuronka ibifungurwa vy’umubiri n’ivy’umutima.

Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!

Naho Pepo Devidze yari afise amakenga ku Vyabona vya Yehova, yarakurikije impanuro nyina wiwe amuhaye, ati: “Uragenda wirabire ivyo bigisha.”

Imihezagiro “mu gihe ciza [no] mu gihe kigoye.”​—2 Tim. 4:2.

Muri iyo myaka igitigiri c’abamamaji carongerekanye ningoga, ariko haciye haduka uruhamo batari biteze.

Iterabwoba ntiryababujije gukorera Yehova

Abantu bavyakiriye gute igihe Ivyabona bo muri Jeworojiya bariko barakubagurwa?

“Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova.”​—Yes. 54:17.

Abamamaji bagira akigoro ko kwagura umurimo baribonera ko Yehova abahezagira.

Baributse Umuremyi wabo Ahambaye

Ica gatatu c’abatsimvyi bo muri Jeworojiya usanga bafise imyaka 25 canke munsi yayo.

Abakirde bakira ukuri

Abantu bubaha Imana baranezerwa no kwumva ukuri mu rurimi bonse.

Urukundo nta kirutangira

Abatamakazi babiri bariboneye ko Ivyabona bakundana.

Haraciye imyaka ijana kuva mu 1917

Ku Batohoji ba Bibiliya benshi, umwaka wa 1917 wabaye ikiringo c’ugusuzumwa. Naho ingorane zitari zibuze, abavukanyi b’intahemuka bagumye bateza imbere ivyungura Ubwami.

Raporo yo mu 2016 yose ifatiwe hamwe

Iyi raporo irerekana ibikorwa Ivyabona vya Yehova baranguye kw’isi yose mu mwaka wa 2016.

Raporo yo kw’isi yose y’Ivyabona vya Yehova: Umwaka w’umurimo wa 2016

Iyo raporo irimwo igitigiri c’Ivyabona, amashami, ibihugu, abitavye Icibutso n’ibindi.