Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JEWOROJIYA

Nabona ko ata kindi nkeneye

Madona Kankia

Nabona ko ata kindi nkeneye
  • YAVUTSE 1962

  • YABATIJWE 1990

  • IVYIWE MURI MAKE Yahoze ari umunywanyi w’umugambwe w’abakomunisita. Yarafashije benshi kumenya ukuri. Mu 2015, yarasohotse umugwi wa mbere w’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami i Tbilisi.

IGIHE namenya ukuri mu 1989, nari umunywanyi akomeye w’umugambwe w’abakomunisita mu gisagara ca Senaki, kandi nari umushingamateka. N’ikindi kandi, hari umusore yari andeheje. Nabona rero ko ata kindi nkeneye mu buzima.

Abavyeyi banje bari baranyigishije gukunda Imana. Naremera Imana rero naho nari umukomunisita. Igihe natangura kwiga Bibiliya, nararonse inyishu zishika ku nyota z’ibibazo vyose nari mfise. Naciye mfata ingingo yo kwiyegurira Yehova. Ariko incuti zanje, abagenzi, abo twakorana hamwe n’umufiyanse wanje ntibashimye iyo ngingo.

Incuti zanje zaciye zimpeba, kandi ntivyari gukunda ko nguma muri politike ndavye ivyo nariko ndiga. Nahavuye mbona ko vyoba vyiza nimutse nkava muhira, ngaheba na wa mufiyanse. Nabwirizwa kandi kuva mu kazi no gutanga imihoho mu mugambwe no mu nama nshingamateka. Maze kubatizwa, incuti n’abagenzi baciye barushiriza kundwanya. Kubera ko nari nzwi cane mu gisagara twabamwo, naciye nimukira i Kutaisi, nca ndatangura ubutsimvyi.

Iyo abantu bambajije ko nticuza baravye ingorane zose zanshikiye, nishura ata guhigimanga ko nticuza namba. Naho abavyeyi banje batatahuye ingingo nafashe, ndahimbarwa kubona baranyigishije gukunda Imana n’abantu nkanje. Ivyo vyaramfashije cane mu buzima.