Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 2

Imana ni nde?

Imana ni nde?

1. Kubera iki dukwiye gusenga Imana?

Imana y’ukuri ni iyaremye vyose. Ntiyagize intango kandi ntizokwigera igira iherezo. (Zaburi 90:2) Ni yo Sôko ry’inkuru nziza dusanga muri Bibiliya. (1 Timoteyo 1:11) Kubera ko Imana yaduhaye ubuzima, ni yo yonyene dukwiye gusenga.—Soma Ivyahishuwe 4:11.

2. Imana imeze gute?

Nta muntu arigera abona Imana kubera ko ari Impwemu, ivyo bikaba bisobanura ko irengeye ibiremwa vyose biboneka biri kw’isi. (Yohani 1:18; 4:24) Naho biri ukwo, turashobora gutahura kamere zayo twitegereje ivyo yaremye. Nk’akarorero, ukuba ivyamwa n’amashurwe biri ubwoko bwinshi biratwereka urukundo be n’ubukerebutsi Imana ifise. Ubunini bw’ikirere buraduhishurira ububasha bw’Imana.—Soma Abaroma 1:20.

Turashobora kwiga n’ibindi vyinshi ku bijanye na kamere z’Imana biciye ku gusoma Bibiliya. Nk’akarorero, Bibiliya iratubwira ivyo Imana ikunda n’ivyo yanka, ukuntu ifata abantu be n’ukuntu ivyifatamwo mu bihe bitandukanye.—Soma Zaburi 103:7-10.

3. Imana yoba ifise izina?

Yezu yavuze ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Naho Imana ifise amazina y’icubahiro menshi, ifise izina ry’uruharo rimwe gusa. Ururimi rumwerumwe rwose usanga rufise ukuntu rwatura iryo zina. Mu kirundi tuvuga ngo “Yehova.” Ariko hari n’abavuga ngo “Yahweh.”—Soma Zaburi 83:18; Yesaya 12:2, Bibiliya Yera.

Izina ry’Imana ryarakuwe mu mabibiliya menshi risubirizwa n’amazina y’icubahiro nka Umukama canke Imana. Ariko Bibiliya igitangura kwandikwa, yarimwo izina ry’Imana incuro nka 7.000. Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana igihe yigisha abantu ivyerekeye Imana.—Soma Yohani 17:26.

Raba ividewo Imana yoba ifise izina?

4. Yehova yoba atubabaye?

Cokimwe n’uwu sebibondo munyarukundo, Imana iriko irakora ibintu bizotuma tumererwa neza igihe kirekire

Kuba abantu benshi bashikirwa n’imibabaro vyoba bisobanura ko Yehova ari Imana itatubabaye? Abantu bamwebamwe bavuga yuko Imana ituma dushikirwa n’imibabaro kugira ngo itugerageze, ariko ivyo si vyo.—Soma Yakobo 1:13.

Imana yarateye iteka umuntu mu kumuha ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ntidukenguruka none kuba dushobora kwihitiramwo gukorera Imana? (Yosuwa 24:15) Yamara benshi bahitamwo gukorera abandi ibibi, akaba ari co gituma hari imibabaro myinshi cane. Yehova biramubabaza kubona mwene ako karenganyo.—Soma Itanguriro 6:5, 6.

Yehova ni Imana itubabaye. Ashaka ko tubaho tumerewe neza. Vuba agiye gukuraho imibabaro be n’abayitera. Mu kurindira, arafise imvo zumvikana zo kureka hakaba harabayeho imibabaro. Mu cigwa ca 8, tuzobona izo mvo izo ari zo.—Soma 2 Petero 2:9; 3:7, 13.

5. Twoshobora gute kwiyegereza Imana?

Yehova aradutera akamo ngo tumwiyegereze mu kuza turamuganiriza mw’isengesho. Aratwitwararika umwe wese ukwiwe. (Zaburi 65:2; 145:18) Ariteguriye kuduharira. Arazi utwigoro tugira kugira ngo tumuhimbare, naho bishika tugakora amakosa. Naho tudatunganye, turashobora vy’ukuri kugiranira ubucuti somambike n’Imana.—Soma Zaburi 103:12-14; Yakobo 4:8.

Ko Yehova yaduhaye ubuzima, dukwiye kumukunda kuruta uko dukunda uwundi uwo ari we wese. (Mariko 12:30) Uko ugaragaza urukundo ukunda Imana mu kwiga vyinshi ku biyerekeye no mu gukora ivyo isaba, ni ko uzorushiriza kuyiyegereza.—Soma 1 Timoteyo 2:4; 1 Yohani 5:3.