Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kamboje

Tuje muri Kamboje

IBIGWATI vyubatse hejuru y’amazi, utuguriro tunyagaramwo abantu, amabarabara yuzuyemwo amapikipiki atwaye ibintu vy’ubwoko bwose kuva ku nkoko gushika ku mafirigo: ivyo ni bimwe gusa mu vyo ushobora kubona no kwumva irya n’ino muri Kamboje.

Abanyakamboje bazwi ko ari abantu b’igishika, b’umutima mwiza kandi bafatanye mu nda. Mu biringo bisanzwe, hari igihe bitana ngo mwenewacu, mushikanje, senge, datawacu, sogokuru canke nyogokuru, n’igihe baba bahuye ari ryo rya mbere!

Abanyakamboje bamwe baba mu bwato, abandi bakaba mu nzu zihagaze ku biti bishinze canke bireremba ku mazi. Hariho n’amashure, ibitaro, utuguriro n’ibibanza badandarizamwo igitoro bireremba ku mazi

Icamwa citwa fruit du dragon kirakundwa cane muri Kamboje

Muri Kamboje barakunda guteka umuceri. Kenshi usanga bihereza imfungurwa z’ubwoko butatu canke bune, harimwo n’isupu. Barakunda cane ifi. Birashika kenshi bagafungurira rimwe imfungurwa zisosa, izikarishe, n’izirimwo umunyu.

Abadandaza n’ingenzi b’Abahindi bagiye mu Bushinwa, baratanguye kuza baraca ku nkengera y’ibahari  muri Kamboje, ubu hakaba haheze nk’imyaka ibihumbi bibiri. Bahageze baca batanga amaharire n’ubutare kugira baronke ibirungo, ibiti bimota, amasenge y’inzovu n’inzahabu. Imico yo mu Buhindi no mu Bushinwa yahavuye itsimbatara muri Kamboje, bica bituma idini ry’abahindu n’iry’ababuda ahashinga imizi. Ubu ibice birenga 90 kw’ijana vy’abanyagihugu baho ni ababuda.

Ivyabona vya Yehova bo muri Kamboje barashikiriza abantu ubutumwa butanga icizigiro bwo muri Bibiliya. Baramaze gufasha abantu benshi bakoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ico gitabu kiraboneka mu ndimi nka 250, harimwo n’ikinyakamboje.

Abantu barenga 1.500 bo muri Kamboje bariko bariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, maze bakaronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: “Abapfuye bari hehe? Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?”

Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? (ubona kuri iyo foto) gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova, kikaba kiboneka mu kinyakamboje.