Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

Ni ibiterasoni bwoko ki abantu barungikiranira kuri telefone?

  Ivyo biterasoni bigizwe n’ubutumwa amafoto canke amavidewo bivuga ivy’igitsina mu buryo bweruye. Umugabo umwe avuga ati: “Ubu ni co kintu kigirwa. Urandikira umuntu na we akakwandikira maze hadaciye n’akanya mugasanga muriko murarungikiranira amafoto ateye isoni.”

 Ni kubera iki abantu babigira? Imiyabaga imwimwe ibona ko “ufise kuri telefone yawe ngendanwa ifoto ya mugenzawe ari gusa, uba uriko uramenyesha ko ushurashura,” ukwo ni ko umushingwamanza akomeye umwe yavuze mu kinyamakuru kimwe (The New York Times). “Ni ikintu kigezweho mu buhinga bwa elegitoronike.” Umuyabaga umwe mbere yavuze ko ari “uburyo bwo guhuza ibitsina butarimwo ingeramizi.” Kanatsinda, avuga ati: “Ubwo buryo ntibushobora gutuma usama inda canke urwara indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.”

 Mu zindi mvo zituma imiyabaga irungikiranira ibiterasoni kuri telefone harimwo izi zikurikira:

  •   Kumenyerana mu vy’urukundo n’umuntu bizigiye kugiranira imigenderanire.

  •   Kubera ko hari umuntu yabarungikiye ifoto iteye isoni maze bakumva bipfuza kubasubiriza mu ndumane.

 Ni ingaruka izihe ziva ku kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

 Umaze kurungika ifoto kuri telefone, iyo foto ntiba ikiri rwawe, kandi ntuba ugishobora gukontorora ingene ikoreshwa, canke ingene izogira ico ikoze ku kuntu uzwi. Uwitwa Amanda Lenhart, umushakashatsi akomeye akaba n’umwanditsi wo mu kigo kimwe (Pew Research Center) yandika ibijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone, avuga ati: “Ntivyari bwigere vyoroha ko umuntu arungikira abandi amakosa canke ibicumuro kibure ko abibika ahantu kugira ngo babibone.”

 Mu bihe bimwebimwe

  •    Amafoto ariko abantu bari gusa yararungitswe ku bwinshi na nyene kuyaronka, ayarungikiye abagenzi biwe kugira binezereze.

  •    Abahungu bahebwe giturumbuka n’abakobwa bakundana kandi mu buryo bubabaje bararungikiye abandi amafoto y’abo bakobwa bari gusa kugira babihore.

 WARI UBIZI? Mu bihe vyinshi, kurungikiranira amafoto y’abantu bari gusa kuri telefone vyafashwe nko kwonona abana canke gukwiragiza amashusho yerekana utwana turiko turakora ivy’ubushegabo. Abana bakiri bato bamwebamwe barungikiraniye ibiterasoni kuri telefone baragirijwe ko ari inkozi z’ikibi mu vy’igitsina.

 Bibiliya ibivugako iki?

 Bibiliya iravuga neza ibijanye no kuryoherwa mu vy’igitsina hagati y’abubakanye. (Imigani 5:18) Yamara, iragira ico ivuze gitomoye ku bijanye n’inyifato iranga ubuhumbu iba hagati y’abantu batubakanye. Rimbura ibi vyanditswe vyo muri Bibiliya bikurikira:

  •   “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe, . . . ntihakabe n’ingeso ziteye isoni canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni.”​—Abanyefeso 5:​3, 4.

  •   “Nimwice . . . ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina.”​—Abakolosayi 3:5.

 Iyo mirongo ntiyiyamiriza gusa “ubusambanyi” (ni ukuvuga guhuza ibitsina kw’abatubakanye) ariko kandi iriyamiriza “ubuhumane” (ijambo rifise insobanuro yagutse ryerekeza ku buhamane mu vy’inyifato runtu ubwo ari bwo bwose) be n’“inambu y’umubiri” (ino akaba atari ukwiyumvanamwo mu buryo busanzwe kw’abantu bubatse ahubwo ni inambu ishobora gushikana ku nyifato itabereye).

 Niwibaze uti:

  •   Ni mu buryo ki kurungikiranira amafoto y’abantu bari gusa ari ubwoko bw’“ubuhumane”?

  •   Ni mu buryo ki bivyura “inambu y’umubiri” itabereye?

  •   Ni kubera iki ivyipfuzo vyo kuraba amafoto y’abari gusa canke kuyakwiragiza “vyonona”?

 Ibi bindi vyanditswe vyo muri Bibiliya birerekana iyindi mvo mbere ijijura yotuma umuntu yirinda kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone.

  •   “Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe, umukozi atagira ikimutetereza.”​—2 Timoteyo 2:​15.

  •    “Mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana!”​—2 Petero 3:​11.

 Ivyo vyanditswe birerekana ingaruka nziza ziva ku kwigenza mu buryo bugororotse. Igihe wigenza neza, ntuzotinya ingaruka ziva ku gukora ibintu umuntu atabanje kwiyumvira.​—Abagalatiya 6:7.

 Niwibaze uti:

  •    Ndi umuntu ameze gute?

  •    Noba nitwararika kudasiga iceyi abandi?

  •    Noba nipfuza kwinezereza mu gukora ibintu bibabaza abandi?

  •    Kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone vyogira ico bikoze gute ku kuntu nzwi?

  •    Ni gute kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone vyotuma abavyeyi banje batanyizigira?

 IVYABAYE KOKO “Ndafise umugenzi yakundana n’umuhungu ariko arabihisha. Mu nyuma uwo mukobwa yaramurungikiye ifoto yiwe ari gusa, maze uno na we aramurungikira rwiwe. Hataraca n’amasaha 48, se w’uwo mukobwa yarafashe ingingo yo gusuzuma telefone yiwe. Yarabonye ubutumwa bandikiranira na wa muhungu, kandi yaravunitse umutima cane. Yaramukariye amubaza ivyo bintu ivyo ari vyo uno na we aca aramubwira vyose. Ndazi ko yicuza kubera ivyo yakoze, mugabo abavyeyi biwe baravunitse umutima cane kandi barababaye cane! Mbere ntibazi nimba bazosubira kumwizigira.”

 Ico womenya: Kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone biratesha agaciro uwabirungitse n’uwabiravye. Umuyabaga umwe yashizweko umukazo n’umuhungu bakundana ngo amurungikire ibiterasoni kuri telefone avuga ati: “Vyaciye bituma numva niyanse kandi mvunitse umutima.”

 Umuntu aravye ingaruka ziva ku kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone, zaba izo mu vy’inyifato runtu, mu vyo kumenya ikibereye n’ikitabereye canke izijanye n’amategeko agenga igihugu, vyoba vyiza ukurikije impanuro Bibiliya itanga:

  •   “Hunga . . . ivyipfuzo bijana n’ubuto.”​—2 Timoteyo 2:22.

  •   “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.”​—Zaburi 119:37.

 Iyaba ari wewe wari gukora iki?

 Nukoreshe impanuro Bibiliya itanga muri ibi bintu bishika koko mu buzima. Nusome ivyo Janet yavuze, hanyuma uhitemwo inzira wibaza ko ari nziza kuruta izindi.

 “Igihe kimwe narahuye n’umuhungu, hanyuma turahana inomero za telefone. Mu ndwi imwe yariko aransaba ngo ndamurungikire amafoto yanje nambaye ikareso n’isutiye vyo kwogamwo.”​—Janet.

 Wibaza ko Janet yari gukora iki? Iyaba ari wewe wari gukora iki?

  •  INZIRA A Woshobora kwiyumvira uti: ‘Ivyo nta kibi kirimwo. Nakare hamwe twoja ku kiyaga, yombona nambaye impuzu zo kwogamwo.’

  •  INZIRA B Woshobora kwiyumvira uti: ‘Sinzi neza ico ashaka gushikako. Reka ndamurungikire ifoto nambaye impuzu itagaragaza cane ibihimba vy’umubiri nce ndaba ingene bigenda.’

  •  INZIRA C Woshobora kwiyumvira uti: ‘Uwo muhungu ndabona ko ata kindi arondera. Hinge mbere mfute ubu butumwa yandungikiye.’

 Biboneka ko inzira C ari yo nziza kuruta izindi. Nakare Bibiliya ivuga iti: “Abantu b’ubwenge babonye ingorane ije barayizibukira, ariko umuntu atiyumvira ayirohamwo mu nyuma akicuza.”​—Imigani 22:3, Good News Translation.

 Uwu mwimenyerezo urerekana ingorane ikunda gutuma umuntu aja mu vyo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone be no mu bundi bwoko bw’ingeso mbi: Woba udapfa uwo ugize umugenzi? (Imigani 13:20) Umugore akiri muto yitwa Sarah avuga ati: “Nugire abagenzi abantu uzi ko batazorenza uruho rw’amazi ku nyifato itabereye.” Uwundi mugore akiri muto yitwa Delia ivyo aravyemera. Avuga ati: “Hari abantu bitwa ngo ni abagenzi batagerageza kugufasha kwumira ku mategeko agenga inyifato runtu wisunga, ahubwo bagerageza kugufasha kuyarenga. Nimba inyifato yabo idahuye n’amategeko y’Imana, bariko bakuremesha kudohoka ku nyifato runtu yawe. Woba vy’ukuri wipfuza ico kintu?”