Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyogufasha kubana amahoro n’abandi

Ivyogufasha kubana amahoro n’abandi

Umuremyi wacu aratubwira ukuntu dushobora kubana amahoro n’abandi, baba abo muhira, ku kazi canke abagenzi. Raba zimwezimwe mu mpanuro nziza benshi bakurikije bakaroranirwa.

Nubabarire abandi

“Mubandanye . . . kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”​—ABAKOLOSAYI 3:13.

Twese turakora amakosa. Turashobora kubabaza abandi canke na bo bakatubabaza. Ivyo bisobanura ko twese dukeneye kubabarirana. Iyo tubabariye abandi, ntitubabikira inzika. “Ntitubishura ikibi ku kindi,” kandi ntituguma tubibutsa amakosa badukoreye canke ubugoyagoye bwabo. (Abaroma 12:17) Ariko none, twokora iki igihe hoba hari umuntu yatubabaje cane ku buryo vyanka ko tureka kwiyumvira ivyabaye? Dukwiye kuyaga n’uwo muntu ivy’ico kibazo mu mwiherero tubigiranye icubahiro. Intumbero yacu ntikwiye kuba iyo kwagiriza uwo muntu, ahubwo ikwiye kuba iyo kugiranira amahoro na we.​—Abaroma 12:18.

Niwicishe bugufi kandi wubahe abandi

“Mwiyumvira mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.”​— ABAFILIPI 2:3.

Igihe twicisha bugufi kandi tukagaragaza icubahiro, abandi barahimbarwa no kuba kumwe natwe. Baba bazi ko tubagaragariza umutima mwiza, ko tubitwararika be n’uko tudashobora kubababaza n’ibigirankana. Ariko igihe tubona ko turuta abandi canke tukama turondera ko ibintu bikorwa nk’uko dushaka, biravyura amahane n’imitsi ikaranda. Abandi baca baduca kure, tukaronka abagenzi bake babaho canke tukabura n’umwe.

Niwirinde kwinubana

“Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—IVYAKOZWE 10:34, 35.

Imana ntitonesha umuntu kubera igihugu ciwe, ururimi avuga, ikibanza afise mu kibano canke ibara ryiwe ry’urukoba. “Yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe.” (Ivyakozwe 17:26) Ivyo bisigura ko abantu bose bavukana. Iyo duteye iteka abantu bose tukongera tukabagaragariza umutima mwiza biratuma bahimbarwa, na twebwe ubwacu tugahimbarwa, bigahimbara n’Umuremyi wacu.

Nube umuntu yitonda

“Nimwambare . . . ubwitonzi.”​—ABAKOLOSAYI 3:12.

Iyo twitonda biratuma abandi bumva bisanze. Ntibatinya kutuyagisha canke mbere kudukosora kubera baba bazi ko tuguma dutekanye. Igihe hari uwudushavuriye tukamwishurana ubwitonzi, birashobora gutuma aturura. Mu Migani 15:1 havuga hati: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”

Nube umuntu akunda gutanga kandi akenguruka

“Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—IVYAKOZWE 20:35.

Abantu benshi muri iki gihe ni abanyamwina kandi biyumvira ivyabo gusa. Ariko gutanga cane ni vyo bituma umuntu agira agahimbare nyakuri. (Luka 6:38) Abantu batanga cane barahimbarwa kuko bakunda abantu gusumba ibintu. Urwo rukundo nyene ruratuma baba abantu bakenguruka kandi bakabigaragaza iyo hari uwugize ico abahaye. (Abakolosayi 3:15) Niwibaze uti: ‘Noba noshima kuba kumwe n’umuntu w’ingumyi kandi w’intashima canke noshima kuba kumwe n’umuntu atanga kandi akenguruka?’ None icigwa ni ikihe? Numere uko ushaka ko abandi bamera.​—Matayo 7:12.