Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Twoba tuberanye?

Twoba tuberanye?

 Woba umaze kuronka umuntu ashobora kuzokubera umunega canke umukenyezi mwiza? Nimba umaze kumuronka, womenya gute ko muberanye?

 Birahambaye cane ko utirabira ibiboneka inyuma. Nakare, umukobwa asa n’irirenga kuruta abandi ashobora kuba atari umwizigirwa, canke umuhungu azwi kuruta abandi ashobora kuba adafise ingeso nziza. Wipfuza kuronka umuntu muzobana neza, umuntu muhuza vy’ukuri muri kamere no mu migambi.​—Itanguriro 2:18; Matayo 19:​4-6.

Nturabe ibiboneka inyuma gusa

 Niwihweze uwo muntu mukundana utibesha. Ariko rero uraba maso! Hari aho wohava ubona gusa ivyo ushaka kubona. Nufate umwanya uhagije rero, ugerageze kumenya ingene uwo muntu ameze vy’ukuri.

 Abantu benshi bakundana birabira gusa ibiboneka inyuma. Usanga bihutira kubona ibintu bahuriyeko, nk’akarorero bakavuga bati: “Dukunda imiziki imwe.” “Dukunda gukora ibintu bimwe.” “Turahuza muri vyose!” Ariko rero, ukwiye kutaraba ibiboneka inyuma gusa. Urakeneye gutahura “umuntu ahishijwe wo mu mutima.” (1 Petero 3:4; Abanyefeso 3:16) Aho kwibanda ku kuntu muhuza, mwoshobora kurushiriza kumenyana muravye ingene bigenda iyo mudahuje.

 Nk’akarorero, rimbura ibikurikira:

  •   Uwo muntu avyifatamwo gute iyo mudahuje? Yoba akovya ngo ibintu bigende nk’uko we ashaka, kumbure agatwarwa n’“ishavu” canke ‘agatukana’? (Abagalatiya 5:19, 20; Abakolosayi 3:8) Canke yoba akora ibitegereka, akemera kwiyorosha kugira azigame amahoro igihe atari ikintu gisaba gukora ibitabereye?—Yakobo 3:17.

  •   Uwo muntu yoba akuryosharyosha ngo ukore ivyo ashaka, arondera kukwifatira canke afuha? Yoba ashaka kumenya akantu kose ukora? Uwitwa Nicole avuga ati: “Mpora numva abantu bakundanye baguma baryana kubera ko umwe muri bo adashobora kwihangana iyo uwundi atagumye amubwira ivyo arimwo. Nibaza ko aho haba hariho agahaze.”—1 Abakorinto 13:4.

  •   Abandi bamuzi gute? Woshobora kubaza abamuzi kuva kera, nk’abantu bahumuye bo mw’ishengero. Muri ubwo buryo, uzomenya ko yoba ‘avugwa neza.’—Ivyakozwe 16:1, 2.