Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kwinonora imitsi?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kwinonora imitsi?

 Kwinonora imitsi birashobora kukugirira neza canke nabi. Vyose bivana na siporo ugira, ukuntu uyigira n’umwanya umara uriko urayigira.

 Ni ivyiza ibihe birimwo?

 Kwinonora imitsi biratuma ugira amagara meza. Bibiliya irerekana ko “kumenyereza umubiri [canke, “kwinonora imitsi”] bigira akamaro.” (1 Timoteyo 4:8) Umusore yitwa Ryan avuga ati: “Kugira siporo biratuma umuntu aguma anonotse. Biragira akamaro kuruta kuguma wicaye mu nzu ukina udukino two kuri videwo.”

 Inkino ziratuma umuntu amenyera gukorana n’abandi akongera akiga kwigumya. Bibiliya irakoresha ikigereranyo c’ukwinonora imitsi mu kwigisha icigwa gihambaye. Ivuga iti: ‘Abirutsi mw’isiganwa biruka bose, mugabo umwe gusa ni we aronka agashimwe.’ Ica yongerako iti: “Umuntu wese agira uruhara mw’ihiganwa arigumya muri vyose.” (1 Abakorinto 9:24, 25) Icigwa ni ikihe? Gukurikiza amategeko y’urukino kanaka bisaba ukwigumya no gusenyera ku mugozi umwe n’abandi. Umuyabaga yitwa Abigail ivyo aravyemera. Avuga ati: “Inkino zaranyigishije gusenyera ku mugozi umwe n’abandi no guhanahana ivyiyumviro na bo.”

 Inkino ziratuma umuntu aronka abagenzi. Urukino rurahuza abantu. Umusore yitwa Jordan avuga ati: “Inkino nka zose usanga zirangwamwo agatima ko guhiganwa, ariko ugumye wibuka ko ari ukwiryohera gusa, gukina birashobora kuba uburyo bwiza bwo kuronka abagenzi.”

 Ni ibiki ukwiye kubako maso?

 Urukino ukina. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha, kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.”—Zaburi 11:5.

 Inkino zimwezimwe usanga zigizwe no kurwana. Nk’akarorero, umugore akiri muto yitwa Lauren agira ati: “Mu rukino rwa boxe nta kindi bakora atari gukubitana. Ko twebwe abakirisu tutarwana, twoba dukwiye kwinezereza mu kuraba abantu bariko bararwana?”

 Zirikana kuri iki kintu: Woba uhora ukina canke urorera inkino zo kurwana, ukibwira ko ata ngaruka bizokugirako? Nimba ari ukwo biri, niwibuke ko muri Zaburi 11:5 havuga ko Yehova yanka umuntu “akunda ubukazi,” si uwukora ivy’ubukazi gusa.

 Ukuntu ukina. Bibiliya ivuga iti: ‘Ntihagire ikintu na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvire mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.’—Abafilipi 2:3.

 Ego ni ko, urukino rwose ruhuza imigwi ibiri ruba rurimwo ivyo guhiganwa ku rugero runaka. Ariko kurondera gutsinda vyanka vyakunda bituma urwo rukino rutaba rukiri urwo kwinezereza. Umuyabaga yitwa Brian avuga ati: “Agatima ko guhiganwa karashobora kukuzamwo utabiciye n’ikanda. Uko rero urushiriza gukina neza urukino runaka ni ko ubwirizwa kurushiriza gutsimbataza ukwicisha bugufi.”

 Zirikana kuri iki kintu: Umusore yitwa Chris yiyemerera ati: “Buri ndwi turakina umupira, kandi birashika tukavunana.” Niwibaze rero uti: ‘Ni ibiki bituma tuvunana kenshi? Nokora iki kugira bishike gake?’

 Umwanya umara. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.

 Urakeneye kumenya ibikwiye kuja imbere y’ibindi; ivy’Imana ni vyo bikwiye kuza ubwa mbere. Inkino nyinshi usanga zimara amasaha atari make, ku bw’ivyo ugasanga umaze umwanya munini uriko urazikina canke uzirorera. Umugore akiri muto yitwa Daria avuga ati: “Narakunda gupfa na mama umwanya namara ndiko ndarorera inkino kuri televiziyo, kuko uwo mwanya nari gushobora kuwukoramwo ibindi bintu bihambaye kuruta.”

Kwitaho birenze urugero inkino bimeze nko kurunda umunyu mu bifungurwa

 Zirikana kuri iki kintu: Igihe abavyeyi bawe baguhanura ku bijanye n’ivyo ukwiye gushira imbere y’ibindi, woba wumviriza? Umugore akiri muto yitwa Trina avuga ati: “Igihe je n’abo tuvukana twaba twishinze kurorera inkino aho gukora ibikorwa bihambaye twahawe gukora, mama yaratwibutsa ko abo bakinyi bahembwa, twaba tubaraba canke tutabaraba. Yaca atubaza ati: ‘None mwebwe ni nde abahemba?’ Ico yaba ashaka kuvuga ni iki: Abakinyi baba bari ku kazi kabo. Ariko nimba twebwe dufata minenerwe udukorwa two kw’ishure canke ibindi bikorwa tujejwe, ntituzoshobora kwibeshaho muri kazoza. Muri make, mawe yaba ashaka kutubwira ko kuraba inkino canke gukina bidakwiye kuba co kintu gihambaye mu buzima bwacu.”