Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

 Kubera iki bingora kwitunira ku vyo nkora?

 «Sinkisoma ibitabu vyinshi nka kera. Sinkikunda no gusoma ingingo ndende.»​—Elaine

 «Iyo ndiko ndaraba ividewo ndayinyarutsa kuko numva umenga ntiba iriko iranyaruka nk’uko ndabishaka.»​—Miranda

 «Igihe nituniye ku kintu gihambaye maze telefone yanje igaca izima nca nguma nibaza nti: “Ubwo ntawanyandikiye?”»​—Jane

 Ubuhinga bwa none bwoba butuma bitugora kwitunira ku vyo dukora? Bamwebamwe ni ko babibona. «Uko turushiriza gukoresha internet tuba turiko turamenyereza ubwonko bwacu gusamara, ni ukuvuga kurungika no kwakira amakuru ningoga na ningoga kandi mu buryo bworoshe mugabo tutabishizeko umutima.» Nk’uko bivugwa n’umuhanuzwajambo akaba n’umwanditsi Nicholas Carr. a

 Raba ibiringo bitatu aho ubuhinga bwa none bushobora gutuma utitunira ku kintu.

  •   Igihe uriko urayaga. «N’igihe abantu baba bariko barayaga amaso mu yandi, usanga bariko bariyandikira ubutumwa kuri telefone, bariko barakina udukino canke naho bari ku mbuga hwaniro, ivyo bigaca bituma badategana yompi uwo baba bariko baraganira.»​—Bivugwa n’uwukiri muto yitwa Maria

  •   Igihe uri mw’ishure. «Abanyeshure benshi bavuga ko bakoresha utwuma twabo ngendanwa igihe baba bari mw’ishure kugira bandike ubutumwa, barondere amakuru, bisamaze kandi utwo twuma usanga badukoresha ‘no mu bintu bitajanye n’ivyigwa’», Vyakuwe mu gitabu Digital Kids,

  •   Igihe uriko uriga. Uwitwa Chris w’imyaka 22 agira ati:«Ikintu nyamukuru kingora ni ukutaraba telefone igihe cose iba ihamagaye». Nimba uri umunyeshure, agakorwa ko muhira wokoze mw’isaha imwe gusa wosanga ugakoze mu masaha atatu canke arenga kubera ko wasamajwe n’akuma kawe.

 Muri make: Uretse ubuhinga bwa none bukagusamaza canke bukakwigarurira bizokugora kwitunira ku vyo ukora.

Ivyiyumviro bidatekanye bimeze nk’ifarasi yo mw’ishamba; birakwiganzira

 Ukuntu worushiriza kwitunira ku vyo ukora

  •   Igihe uriko urayaga. Bibiliya igira iti: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.» (Abafilipi 2:4) Niwereke abo muyaga ko ubitwararika mu kubumviriza witonze. Nugume ubaraba mu maso kandi ntureke ngo usamazwe n’akuma kawe.

     «Igihe uriko urayaga n’umuntu niwirinde kuza uraraba telephone yawe. Nugaragarize icubahiro uwo muriko muraganira mu kumutega yompi.»​—Thomas

     IMPANURO: Igihe uriko urayaga, nushire akuma kawe aho udashobora kubona. Abashakashatsi bavuga yuko kuba gusa ufise telefone yawe hafi bishobora gutuma utitunira ku vyo uba uriko urakora kubera wibaza ko ihava iguciramwo.

  •   Igihe uri mw’ishure. Bibiliya igira iti: «Mwitwararike rero ukuntu mwumviriza.» (Luka 8:18) Ufise ico ciyumviro mu bwenge, nimba kw’ishure wigako babemerera gukoresha internet, niwirinde kuraba ubutumwa, gukina udukino two kuri internet canke kuyaga n’abagenzi ku mbuga hwaniro mu mwanya w’ivyigwa.

     «Nugerageze kwumviriza witonze mw’ishure. Nugire utwo wiyandikiye. Nimba bikunda, niwicare imbere kugira wikingire ibishobora kugusamaza.»​—Karen

     IMPANURO: Nugire utwo wiyandikiye ukoresheje urupapuro n’ikaramu aho gukoresha orodinateri. Ubushakashatsi bwerekana ko kubigenza gutyo bigabanya ibigusamaza kandi ko bituma ushobora kwibuka neza ivyo wize.

  •   Igihe uriko uriga. Bibiliya igira iti: «Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera.» (Imigani 4:5) Birimwo kuzirikana bigera kure ku vyo uriko urasoma aho gucishacishako kugira gusa urangize ikibazo.

     «Igihe mba ndiko ndiga, ndaregera tablette yanje ku buryo itansamaza maze nkitunira ku vyo mba ndiko ndakora. Ubutumwa buje sindaburaba. Igihe niyumviriye ikintu ntashaka kwibagira, nca ndacandika ahantu.»​—Chris

     IMPANURO: Niwiyemeze ko aho wigira ata bintu bigusamaza bihari. Nugume uhasukura kandi urabe ko ata bintu vyinshi biharundanye.

a Vyakuwe mu gitabu c’icongereza kivuga ingene internet igira ico ikoze ku bwonko bwacu (The Shallows​—What the Internet Is Doing to Our Brains).