Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki igihe numva ndambiwe?

Nokora iki igihe numva ndambiwe?

 Abakiri bato bamwebamwe babona ko ata kintu kirambira nko kuguma muhira imvura iriko iragwa, ata co ufise ukora, ata n’aho ufise uja. Umusore yitwa Robert avuga ati: “Mu bihe nk’ivyo, nca nicara ng’aho uko nyene, kuko ntaba mbona ico nokora.”

 Ibintu nk’ivyo vyoba bimaze kugushikira? Nimba bimaze kugishikira, iki kiganiro kirashobora kugufasha.

 Ivyo ukwiye kumenya

  •   Kuja kuri internet hari aho ata co vyogufasha.

     Kuja kuri internet birashobora gutuma umwanya uba urarengana, ariko birashobora no gutuma udakoresha neza ubwenge, bigatuma urushiriza kwumva urambiwe. Jeremy w’imyaka 21 avuga ati: “Usanga uriko urafyondagura telefone gusa ariko ubwenge butariko burakora.”

     Ivyo umwigeme yitwa Elena aravyemera. Avuga ati: “Hariho ivyo internet idashobora kugufasha. Irakwibagiza ibintu vyariko biratuma urambirwa, ariko uyivuyeko uca urambirwa gusumba.”

  •   Gukunda ivyo ukora biratuma utarambirwa.

     Kugira akazi kenshi vyonyene vyoba bituma utarambirwa? Ahanini bivana n’ingene ukabona. Nk’akarorero, umwigeme yitwa Karen avuga ati: “Ishure ryarandambira cane naho nari mfise ibintu mara umusi wose ndiko ndakora. Utegerezwa gukunda ivyo uriko urakora kugira nturambirwe.”

 Wari ubizi? Kuba ata na kimwe ufise ukora si ingorane, ahubwo ni akaryo ko kwiyumvira ibintu bishasha. Ni nk’ivu ririmwo intabire umuntu yoshobora guteramwo igiterwa.

Umwanya ata co uba ufise ukora ni nk’ivu ririmwo intabire umuntu yoshobora guteramwo igiterwa

 Ico wokora

 Niwiteho ibintu bitandukanye. Nurondere abagenzi bashasha. Nukore ikintu utari usanzwe ukora. Niwige ibintu bishasha. Abantu bashimishwa n’ibintu vyinshi usanga batarambirwa no kuba ari bonyene, kandi n’abari kumwe na bo ntibagira irungu.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.”​—Umusiguzi 9:10.

 “Mperutse gutangura kwiga igishinwa c’ikimandarini, kandi uko ndagikoresha buri musi, ni ko ntahura ko nari narazingamitse ubwenge bwanje. Sinkunda kwicara ata co ndiko ndakora. Iyo mfise ivyo nkora biratuma nkoresha ubwenge bwanje kandi biratuma nkoresha neza umwanya wanje.”​—Melinda.

 Nugume wibuka intumbero yawe. Iyo ugumye wibuka intumbero y’ico uriko urakora, uca urushiriza kugikunda. N’ibikorwa vyo kw’ishure birashobora kutakurambira iyo uguma wibuka intumbero ufise.

 Ico Bibiliya ivuga: ‘Ku muntu, nta ciza kihari kuruta kubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.’​—Umusiguzi 2:24.

 “Ndi mu guheza amashure, buri musi namara amasaha umunani ndiko ndiga kubera nari naratakaje umwanya. None ugira ngo nararambirwa? Uwokubesha! Sinarambirwa kuko nari mfise intumbero nshaka gushikako. Nagumiza amaso ku ntumbero yanje, ni ukuvuga kuronka urupapuro rw’umutsindo. Ivyo vyatumye ntarambirwa.”​—Hannah.

 Niwemere ko hari ivyo udashobora guhindura. N’ibikorwa ukunda cane urashobora gusanga birimwo ibintu birambira. Bisubiye, n’abagenzi bawe somambike barashobora guhindura programa utari uvyiteze, ugaca ubura ico ukoresha uwo mwanya. Aho kureka ngo ivyo bikubuze umunezero, nugerageze kubona ibintu mu buryo bwiza.

 Ico Bibiliya ivuga: “Uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”​—Imigani 15:15.

 “Hari umugenzi yampanuye ko nkwiye kwiga guhimbarirwa umwanya mba ndi jenyene. Yambwiye ko kumenya umwanya umuntu akwiye kuba ari kumwe n’abandi n’umwanya akwiye kuba ari wenyene ari icigwa gihambaye umuntu wese akwiye kumenya.”​—Ivy.