Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokwirinda gute kurengerwa n’ibikorwa?

Nokwirinda gute kurengerwa n’ibikorwa?

 Woba wumva uri mu gusanzara? Nimba ari ko bimeze, iki kiganiro kirashobora kugufasha.

 Ico bivako

  •   Ibikorwa vy’umurengera. Umwigeme umwe yitwa Julie avuga ati: “Mu mice yose y’ubuzima duhimirizwa kuguma turushiriza gukora neza, kuguma dutera imbere, kuguma twishingira imigambi ihanitse no gushika ku bintu vyiza kuruta. Kwama muri uwo mukazo si icoroshe!”

  •   Ubuhinga bwa none. Amatelefone agezweho n’utundi twuma two mu buhinga bwa none bituma dushobora kuronkeka amasaha 24 kuri 24, imisi indwi ku ndwi. Ivyo bituma turengerwa n’umwitwarariko, amaherezo tukumva dusanzaye.

  •   Kutaryama bihagije. Umwigeme yitwa Miranda avuga ati: “Abakiri bato benshi babwirizwa kuvyuka kare kandi bakaryama batevye kubera ishure, akazi be no kwiryohera.” Ubwo buzima butuma basanzara.

 Igituma wovyitwararika

 Bibiliya irerekana ko kugira umwete ari vyiza. (Imigani 6:6-8; Abaroma 12:11) Ariko ivyo ntibisobanura ko dukwiye kwihebera akazi ku buryo ibindi bintu bihononekarira, ushizemwo n’amagara yacu.

 “Igihe kimwe nasanze niriwe ntafunguye kubera akazi kenshi nari nemeye. Narabonye ko atari vyiza kwemera ibikorwa vyose mpawe kuko amagara yanje ashobora kuhasinzikarira.”​—Ashley.

 Ntibitangaje kuba Bibiliya ivuga iti: “Imbwa ibona iruta intambwe ipfuye.” (Umusiguzi 9:4) Kwiyahagura birashobora gutuma wibwira ko ukomeye nk’intambwe, n’imiburiburi mu kanya gato. Ariko ivyo birashobora kugira ingaruka zikomeye ku magara yawe.

 Ico wokora

  •   Ntiwemere ibikorwa vyose. Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” (Imigani 11:2) Abantu bifata ruto barazi aho bageza kandi ntibihanga ivyo badashoboye.

     “Umuntu yemera ibikorwa vyose ahawe ni we aza ubwa mbere mu bantu bakarirwa no gusanzara. Ukwo ntikuba ari ukwifata ruto. Kandi bitebe bitebuke, aruhira gusanzara.”​—Jordan.

  •   Nuruhuke bihagije. Bibiliya ivuga iti: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” (Umusiguzi 4:6) Itiro ryataziriwe “ibifungurwa vy’ubwonko,” ariko abakiri bato benshi ntibasinzira ya masaha asabwa, ni ukuvuga hagati ya munani na cumi buri joro.

     “Igihe ibikorwa vyaba vyambanye umurengera, sinasinzira umwanya uhagije. Ariko rimwe na rimwe uwo mwanya ntaba nasinziriye ni wo nyene naba nkeneye kugira nkore neza bukeye kandi nirirwane umunezero.”​—Brooklyn.

  •   Nutunganye ibintu neza. Bibiliya ivuga iti: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.” (Imigani 21:5) Kwiga gutunganya ibikorwa vyawe bivanye n’umwanya ufise ni ubuhanga buzogufasha mu buzima bwawe bwose.

     “Gutunganya ibintu neza biratuma umuntu yirinda umwitwarariko udakenewe. Igihe ufise urutonde rw’ivyo ukora, biroroha kubona aho wohindura kugira nturengerwe.”​—Vanessa.